ONU: kwijukira kurya udukoko nk'ibihori vyorwanya inzara kw'isi

Ibiherutse kuvugururwa: 13 ukwa gatanu, 2013 - 14:57 GMT

Inswa canke isenene zisanzwe ziribwa na bamwe bamwe mu Burundi canke mu Rwanda

Ishami rya ONU riraba uburimyi n'indya FAO rivuga ko abantu miliardi zibiri basanzwe bongereza ivyo barya n'udukoko nk'isenene,ibihori, n'intozi.

Rivuga ko hamwe utwo dukoko twokwororwa tukagwizwa vyofasha kwirinda inzara muri kazoza.

Ico cegeranyo ariko kivuga ko kubona hari abantu dugitera ishishi, na cane cane mu bihugu vya Bulaya,ikiri intambamyi ku kuribwa kw'utwo dukoko.
Ku bw'ico cegeranyo, amavubi, ibivumvuri, n'utundi dukoko nk'utwo gushika ubu ntidukoreshwa bihagije nk'indya z'abantu n'ibintungwa.

Kworora bene utwo dukoko ni imwe mu nzira yo ku rwanya inzara nk'uko ico cegeranyo kibivuga.Kivuga ko bene utwo dukoko tuba ahantu hose kandi tugwira vuba.

Abvanditse ico cegeranyo bavuga ko utwo dukoko turinwo intangangaburo nyinshi,indemamubiri nyinshi, amavuta hamwe n'ivyunyunyu.

Utwo dukoko dushobora gufasha abana barwaye indwara ziterwa no kurya ibidakwiye.Ikindi ciza kuri utwo dukoko n'uko duhindura vuva ivyo turiye mu nyama.

Ibihori, nk'akarorero, bikeneye kurya bike incuro 12 kurusha ivyo kugaburira ibitungwa kugira bitange indemamubira zingana, nk'uko ico cegeranyo kibivuga.

Kandi utwo dukoko twinshi nta myuka isambura igisenge c'isi dushobora gutera nk'ibindi bikoko.
Utwo dukoko hamwe hame kw'isi baraturya ariko hari n'abandi batabitahura namba.

Hamwe hamwe mbere bene utwo dukoko n'indya ikudwa cane.
Nko mu bihugu vyo muri Africa y'ubumanuko, ibinyabwoya bimwe bimwe si indya y'uwari we wese kubera igiciro cavyo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.