Amerika n'Ubwongereza vyiyemeje gutorera inyishu Syria

Ibiherutse kuvugururwa: 13 ukwa gatanu, 2013 - 19:02 GMT
Obama na Cameron

David Cameron yari mu rugendo muri USA

Ibihugu vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'Ubwongereza bimenyesha ko bigiye gukomeza abatuvuga rumwe na leta ya Syria ariko bihanganira abandi gushiga ubutegetsi mfatakibanza bwosubirira prezida Bachar al Assad.

Perezida Obama yavuze ko urwo rwego arico kintu nyamukuru bazokwiga mu nama igiye kuzobera i Geneve mu minsi iza.

Amerika iherutse kwemererwa n'Uburusiya gushigikira iyo nama.

Barack Obama yamenyesheje ko igihugu ciwe kumwe n' Ubwongereza vyumvikanye kwongereza igitsure ku butegetsi bwa Syria kugira bugondozwe kwemera Bashar al Assad avaho.

Obama yabwiye abanyamakuru i Washngton ko ivyo bihugu vyompi bizokora uko bishoboye kugira bihuze abaserukira leta ya Syria n'abayirwanya mu nama y'amahoro izobera i Geneve mu minsi iza.
Ariko avuga ko atari igikorwa coroshe.

Ivyo perezida Obama yabitangaje ahejeje kubonana n'umushikiranganji wambere David Cameron, nawe yavuze ko Ubwongerza bugiye gutera akamo ibindi bihugu vya Bulaya ngo birekurire abarwanya ubutegetsi bwa Syria kugura ibirwanisho.

Yanavuze ko Ubwongereza bugiye kugwiza na kabiri imfashanyo ku barwanya perezida Assad.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.