Papa arasaba ko amafaranga atagirwa ikigirwamana

Ibiherutse kuvugururwa: 16 ukwa gatanu, 2013 - 15:40 GMT
Papa Fransisiko asanzwe azwi kuba akorera abakene

Papa Fransisiko asanzwe azwi kuba akorera abakene

Papa ivyo yabivuze ariko aravugana n'umugwi mutoyi w'abaserukira ibihugu vyabo baherutse kurungikwa gukorera i Vaticano.

Mu ijambo ryiwe rya mbere ku ngorane z'ubutunzi zugarije isi muri iki gihe, yavuze ko ubuzima busigaye bugoye cane haba mu bihugu bikize co kimwe no mu bihugu bikenye.Yavuze ati: "amafaranga agenewe gufasha, ariko ntabe ariyo ategeka".

Mu majambo afatiye kuri Bibiliya, Papa Fransisiko yavuze ko gusenga umutavu w'inzahabu mu vya kera vyahindutse mw'isura nshasha itagira umutima yo ukugira amafaranga ikigirwamana kw'ubu hamwe n'umukazo w'ubutunzi budafise intumbero n'imwe y'ukwitaho umuntu.

Papa yavuze ko ubukene buguma bwigaragaza kuruta, abantu bakaba uko bukeye uko bwije ariko bibagora kubaho.

Papa Francis asanzwe azwi kuba akorera cane mu bakene mu gihugu ciwe c'amavukiro ca Argentine yashize ikibazo co kwitaho abakene mu ngendo nyamukuru izoranga ikiringo ciwe c'umukuru wa Ekleziya katokika.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.