Ubushinwa bwugarijwe n'imyuzuri

Ibiherutse kuvugururwa: 18 ukwa gatanu, 2013 - 05:47 GMT

imyuzuri mu Bushinwa

Intara ya Guangdong imaze gutangaza ko abantu 36 bapfuye, niyo yababajwe cane n'imyuzuri yadutse mu ntara icenda z'ubumanuko bw'Ubushinwa.

Abandi batandatu baguye muri Jiangxi, nk'uko bivugwa n'umushikiranganji ajejwe abanyagihugu.

Uno munsi kuwa gatandatu hitezwe iyindi mvura nyinshi muri Guangdong, iri kumwe n'igihuhusi, aho bishobora gutera iyindi myuzuri.

Imirwi yo gutabara yamaze kurungikwa mu turere twababaye kurusha ahandi.

Abantu bagera ku 900 000 nibo bahuye n'ingaruka z'iyo myuzuri, aho amazu 2675 yasambutse, nk'uko bitangazwa n'ikinyamakuru Xinchua.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.