Pakistani:Umunyapolitike yiciwe muri Karachi

Ibiherutse kuvugururwa: 19 ukwa gatanu, 2013 - 06:09 GMT

Aho Zahra Shahid Hussein yiciwe iKarachi

Zahra Shahid Hussain, icegera gikuru c'umuyobozi wa PTI, yarashwe n'umuntu yari kw'ipikipiki amusanze imbere y'inzu iwe.

Urwo rupfu rwiwe rubaye mu gihe buca haba gusubiramwo mu gice gito kutumvikanwako na bose, amatora yabaye ku munsi w'Imana.

Impamvu z'iyicwa ryiwe ntiziramenyekana.

Umukuru wa PTI Imran Khan, yigeze kuba umukinyi rurangiranwa wa Cricket, yatunze agatoki umukuru wa MQM Altaf Hussain ari hano Londres, yaronse amajwi menshi gusumba abandi muri Karachi.

Ariko umugambwe MQM wabihakanye wivuye inyuma.

Bwana Khan yavuze ko bwana Hussein yari yateye ubwoba ku mugaragaro abakozi n'abategetsi b'umugambwe PTI, abicishije ku maradio.

Avuga ko yamaxze kugabisha n'ubwongereza ku bikorwa vy'abayobozi ba MQM.

Umugambwe MQM wateye ivyatsi ubwo bwicanyi, uvuga ariko ko amajambo ya bwana Imran Khan yayavuze atakoresheje umutimanama.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.