Igipolisi ca Tunisia cakozanijeko n'aba salafiste

Ibiherutse kuvugururwa: 19 ukwa gatanu, 2013 - 16:38 GMT

Imvururu muri Tuniziya

Leta ya Tuniziya mu mpera z'iyi ndwi yari yimye uruhusa umurwi w'aba salafistes Ansar Al Sharia rwo gutunganya ikoraniro ryawo riba buri mwaka mu muji wa Kairouan.

Leta ya Tuniziya yavuga ko iryo koraniro rishobora kubangamira umutekano w'igihugu.

Uwo murwi wabwiye abayoboke bawo guca bahurira ahitwa Ettadhamen ku nkengera za Tunis.

Abantu baharurwa mu 500 nibo bivurwa ko bari bahuriye aho Ettadhamen, bashira imitego mw'ibarabara barinda polisi kubashikira, bongera babatera amabuye.

Igipolisi cishuye mu kurasa mu kirere no gutera ya myuka irakira.

Igipolisi kandi cananiwe kwirukana aba salafistes bakoraniye Kairouan, n'ubwo igitigiri c'abapolisi bari bashizwe mur'ico gikorwa cari kinini.

Hagati mu muji abari mu myiyerekano batanye mu mitwe n'igipolisi, aho cabatera imyuka irakira nabo batera amabuye.

Ansar Sharia yatangaje ko umukuru wayo Seifeddine Rais yatawe muri yompi ariko iyo nkuru ntiremezwa neza.

Ansar sharia yakoresheje urubuga rwa facebook mu kumenyesha abanywanyi ko yimuye iryo koraniro.

Mu mwaka uheze inama nk'iyo yitabiriwe n'abantu barenga 4000.

Umugambwe uri ku butegetsi Ennahda watowe inyuma y'itembagazwa rya perezida Zine El Abdine Ben Ali mu 2011.

Utwarana mu runani n'iyindi migambwe ibiri itegamiye kw'idini, aho wemeye kutabuza inzoga canke gutegeka abantu umwitwikiro.

Ariko aba salafistes abashaka amategeko akaze ya ki islamu muri Tuniziya, kandi basaba ko itegeko rya sharia ritangura gukoreshwa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.