Imirwano yakomeje mu buseruko bwa Kongo

Ibiherutse kuvugururwa: 21 ukwa gatanu, 2013 - 13:21 GMT
Abasirikare ba Kongo i Goma mu mwaka uheze

Abasirikare ba Kongo i Goma mu mwaka uheze

Imirwano yakomeje hagati y'abasirikare ba leta n'abarwanyi mu buseruko bwa republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Impande zombi zarasishije inkoho ziremereye hamwe n'ibisasu mu buraruko bw'umuji wa Goma, umwe wese akagiriza undi ko ariwe yamusotoye.

Imirwano yadutse ejo kuwa mbere yaheraheje amezi atandatu y'agahengwe hagati ya leta ya Kongo n'abarwanyi ba M23, bigaruriye gatoyi umuji wa Goma mu mwaka uheze.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki-Moon, yitezwe mu muji wa Goma ejo kuwa Gatatu, yavuze ko azonyarutsa irungikwa ry'inteko nshasha za ONU kubera ibi bisubiriye.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.