Igisasu ca mortier catewe mu muji wa Goma

Ibiherutse kuvugururwa: 22 ukwa gatanu, 2013 - 13:06 GMT

Impunzi z'abanyecongo muri Goma

Igisasu caguye mu muji wa Goma hitana umunyagihugu, bandi benshi barakomereka, mu gihe ingabo za leta zimaze gatatu zitana mu mitwe n'abarwanyi ba M23.

Mur'izo ntambara zimaze gatatu bakoresha ibirwanisho bikomakomeye.

Kuvyuka kw'izo ntambara guhuriranye n'urugendo muri Congo rw'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon.

Ban Ki Moon yitezwe aho mu muji wa Goma ejo aho bukera.

Izo ntambara zadutse ku munsi wa mbere mu buseruko bwa Goma inyuma y'agahengwe kari kamaze amezi atandatu, mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryari rimaze kurungika aba mbere mu bagize inteko nshasha.

Iyo nteko izoba ijejwe kwambura ibirwanisho imirwi yose irwanya leta ya Congo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.