Sudan iragabisha guhagarika ibitoro vya Sudan y'Epfo

Ibiherutse kuvugururwa: 28 ukwa gatanu, 2013 - 15:36 GMT

Perezida Bashir yavuze inyuma y'sho igisirikare gisubiriye kwigarurira igisagara cari cafashwe n'inyeshamba mu ntara irimwo ibitoro vyinshi ya Kordofan

Umukuru wa Sudan Omar al-Bachir yagabishije avuga ko ashobora kwugara burundu umuringoti utwara ibitoro biva muri Sudan y'Epfo bica muri Sudan bija ku kivuko.

Yavuze ku wa mbere ko Sudan izohagarika ivyo bitoro kubandanya bigenda hamwe Sudan y'Epfo yoshigikira inyeshamba zikorera ku butaka bwa Sudan igihe yariko aravugira kuri television.

Igisirikare ca Sudan kiriko kiragwana n'abitajwe ibigwanisho mu ntara nibura zitatu.

N'ubwo Sudan y'Epfo yakukiye mu 2011, imigenderanire vyagumye irangwa n'icuka kibi kubera ugupfa ubutaka n'ibitoro.

''Ubu ndagabishije ubwa nyuma, ubwa nyuma, bene wacu bo muri Sudan y'Epfo ko tuzokwugara umuringoti w'ibitoro hamwe boshigikira mu buryo ubwo aribwo bwose abaduhemukiye muri Darfur, South Kordofan na Blune Nile,''uko niko prezida Bashir yabishikirije kuri kuri television avuga inyeshamba zigwanira muri izo ntara zitatu.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.