Pakistan:icegera c'umugaba w'abataliban yishwe

Ibiherutse kuvugururwa: 29 ukwa gatanu, 2013 - 14:26 GMT

Indege ya drone ya Amerika

Abategetsi ba Pakistan bamenyesha kw'ico gitero cagabwe na leta zunze ubumwe za Amerika mu buraruko bushira uburengero bwa Pakistani.

Abantu batandatu bakekwako ari aba Taliban bishwe mur'ico gitero.

Abategetsi ba Pakistan bavuga ko iyo ndege igenda itarimwo umudereva yateye ibisasu bibiri vyo mu bwoko bwa missile ku nzu iri mu buraruko bwa Wazirstan, hafi y' urubibe na Afghansitan.

Iki gitero kibaye ica mbere kuva muri Pakistan habaye amatora mu ntango z'uku kwezi.

Mu gihe co kwiyamamaza, umushikiranganji wa mbere yatowe Nawaz Sharif yari yahamagariye ibiganiro na Leta zunze ubumwe za Amerika kugira ikibazo c'ibitero vy'izo ndege za drones kirangire ku butaka bwa Pakistan.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.