Inama ya ONU iriyamiriza ibitero kuri Qusair

Ibiherutse kuvugururwa: 29 ukwa gatanu, 2013 - 17:56 GMT

Ikirangantego c'inama y'agateka ka zina muntu wa ONU

Inama ya ONU ijerjwe agateka ka zina muntu ivuga ko ibitero vya Qusair bikorwa n'ingabo za Syria zifashijwe n'abarwanyi ba Hezbollah baturuka muri Libani.

Inama y'ishirahamwe ONU ijejwe agateka ka zima muntu, isaba ko haba itohoza ryihuta kur'ivyo bitero.

Birakekwa ko hari abanyagihugu benshi bugaraniwe n'iyo ntambara muri Qusair.

N'ubwo ingingo y'iyo nama ishigikiwe n'ibihugu vya Qatar, Amerika na Turkey yatowe nabenshi, umunyamakuru wa BBC ari Geneve aravuga ko hakiri ukutumvikana kur'ico kibazo.

Uburusiya, budafisde uburenganzira bwo gutora mur'iyo nama, bwaneguye bwivuye inyuma ico yise ingingo ihengamiye ku ruhande rumwe, ishobora gutuma akigoiro ko kugarurkana amahoro muri Syria kaburizwamwo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.