Uwagirizwa igitero ca Boston ubu aratambuka

Ibiherutse kuvugururwa: 31 ukwa gatanu, 2013 - 06:23 GMT

Abarezwe ibisasu vya Boston, ibubanfu Temerlan, 26, iburyo , Dzhokhar,19

Mu kiganiro yahaye Associated Press, Zubeidat Tsarnaev, nyina wa Dzhokhar Tsarnaev, yavuze ko yaganiriye n'umuhungu wiwe ubwa mbere kuva afashwe.

Yemeza ko yamubwiye kuri telefone ko we na mukuruwe yapfuye yishwe n'abapolisi, ari abere.

Bwana Tsarnaev, yakorekejwe n'amasasu igihe yariko ahigwa n'abapolisi , ubu afpungiye mu bitaro aho ariko aravurirwa.

Ibisasu vyatezwe mu kwezi guheze igihe c'ihiganwa rya marathon mu muji wa Boston, vyahitanye abantu 3 bikomeretsa abarenga 260.

Nyina wa Dzhokhar yabwiye AP ko ariu ubwa mbere avuganye n'umuhungu wiwe w'imyaka 19 kuva apfunzwe.

Ngo yamubariye ko ariko aratora mitende, akaba ngo n'ubu atarashobora gutahura ivyabaye.

Ngo ntiyifashe kandi mu kwerekana amarangamutima, agaragaza ko ababajwe n'uko ngo "yarenganijwe".

Umuryango wa Tsarnaev wakomeje guhakana ko ata ruhara abo basore bafise mu gitero catumbereye umurongo abari mu mahiganw ya marathon barangirizako kuwa 15 z'ukwa kane.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.