Imyigaragambyo yamagana leta muri Turikiya

Ibiherutse kuvugururwa: 3 ukwa gatandatu, 2013 - 14:53 GMT
Imyigaragambyo yamagana leta muri Turikiya

Imyigaragambyo yamagana leta muri Turikiya

Nyuma y'iminsi ine igipolisi gikozanyaho n'abakora imyigaragambyo irwanya leta muri Turikiya, rimwe mu mashyirahamwe y'abakozi akomeye ryasabye abayoboke baryo guhagarika akazi ku wa kabiri no ku wa gatatu.

Iryo shyirahamwe ry'abakozi ba leta, KESK, riravuga ko ryamagana ryivuye inyuma ingufu leta ikoresha mu gutatanya abari mu myigaragambyo iyamagana.

Ryavuze kandi ko ryiteze ko andi mashyirahamwe y'abakozi aza kurishyigikira.

Mbere yaho, ministri w'intebe wa Turikiya, Recep Tayyip Erdogan yamagananye umujinya mwinshi abigaragambya kuri leta abita intagondwa.

Abigaragambya barashinja leta ye gutekegesha igitugu.

Gukozanyaho hagati y'igipolisi n'abari mu myigaragambyo birakomeje.

Biravugwa ko igipolisi cyakoresheje ibyuka biryana mu maso mu murwa mukuru Ankara.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.