Korea zombi zasubiye kuvugana

Ibiherutse kuvugururwa: 9 ukwa gatandatu, 2013 - 12:54 GMT
Abaserukiye Korea zombi baramukanya

Uwuserukiye Korea y'ubumanuko Chun Hae-sung ( i buryo) aramukanya n'uwuserukiye uburaruko Kim Song-hye (i bubamfu)

Abategetsi ba Korea y'ubumanuko n'uburaruko bagize ibiganiro vya mbere mu kiringo kirenga imyaka ibiri, bikerekana ko ibintu bitanguye gusubira mu buryo.

Abajejwe intwaro muri Korea y'ubumanuko bavuze ko ivyo biganiro vyari bitekanye, bakaba bariko barategura iyindi nama yo ku rwego rwa politike rwo hejuru izobera i Seoul mu ndwi iza.

Iyo izoba ari inama ya mbere yo ku rwego rw'abashikiranganji izoba ibaye hagati y'ivyo bihugu mu kiringo kingana imyaka itandatu.

Korea y'uburaruko yari yasavye ibiganiro kugira barabe ukuntu hosubira kwugururwa ikibanza c'inganda ibihugu vyombi bisangiye kiri ahitwa Kaesong.

Ico kibanza cugawe mu kwezi guheze nyuma y'aho uburaruko bukuriyeyo abakozi babwo ibihumbi mirongo itanu.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.