Turkiya: Igiposi cahutse abari mu myiyerekano

Ibiherutse kuvugururwa: 11 ukwa gatandatu, 2013 - 14:02 GMT
Abapolisi ba Turkiya mu kibanza ca Taksim

Abapolisi ba Turkiya mu kibanza ca Taksim

Amajana y'abapolisi bahutse abantu bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza leta ya Turkiya mu kibanza ca Taksim, babatera ivyuka bikoroza amarira.

Abo bantu bari bigaruriye ico kibanza kuva mu ndwi iheze.

Abo bapolisi kandi bamanuye ivyandiko vyinshi vyari bihamanitse, babisimbuza ibendera rya Turkiya hamwe n'ifoto y'uwatanguje ico gihugu, Kemal Ataturk.

Habaye itana mu mitwe mu gice kimwe c'ico kibanza, aho abari mu myiyerekano batera ibisa n'ibishirira, ibiturika vyatsa umuriro hamwe n'amabuye.

Umushikiranganji wa mbere, Recep Tayyip Erdogan, yavuze ko adashobora gusubira kwihanganira abo bari mu myiyerekano, naho ejo kuwa Mbere yari yemeye kubonana na bamwe mu babaserukiye.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.