ONU: Abasirikare bari muri Kongo bose bashobora kurwana

Ibiherutse kuvugururwa: 11 ukwa gatandatu, 2013 - 16:53 GMT
Abasirikare ba ONU muri Kongo

Abasirikare ba ONU muri Kongo

Uwujejwe ibikorwa vya ONU vyo guhagararira amahoro muri Kongo avuga ko abasirikare bose agaba ibihumbi 18 bashobora kuzogira uruhara runini mu mirwano.

Brigade igizwe n'abasirikare ibihumbi bitatu bajejwe gutabara vyihutirwa, bariko bararungikwa mu buseruko bwa Kongo, bajejwe igikorwa co kwaka ibirwanisho imigwi iri muri ako karere.

Iyo brigade ishobora kugaba ibitero iyo ibonye ko abarwanyi bashobora kubangamira banyagihugu.

Lieutenant General Albert Dos Santos Cruz, ajejwe ibikorwa rusangi vyo guhagararira amahoro, yavuze ko aya mategeko mashasha agenga intambara, ashobora gukoreshwa n'abasirikare bose bahagarariye amahoro muri Kongo.

Ngo ivyo bizovana n'ukuntu ibintu bizoba bimeze.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.