Papa: i Vaticano hari abashigikiye abahuza ibitsina babisangiye

Ibiherutse kuvugururwa: 12 ukwa gatandatu, 2013 - 12:54 GMT
Papa Francis

Bivugwa ko Papa Francis ivyo yabivuze ari mu nama itari iy'akazi n'abandi bihebeye imana

Bivugwa ko Papa Francois yavuze ko hari ukurya ibiturire hamwe n'umugwi w'abantu bashigikiye ivy'abahuza ibitsina babisangiye bari imbere muri Vaticano.

Bivugwa ko yoba yavuze ivyo bintu nkoramutima ariko arabonana n'umugwi w'abihebeye imana bo muri Amerika y'Epfo.

Banditse icegeranyo c'ivyo bayaze ubu rero gisa n'icanyerejwe kigashika mu minwe y'urubuga rwa internet two muri Chili rwaciye rugisohora.

Ku bw'urwo rwandiko , Papa yavuze atarya umunwa na gato igihe yariko aravuga ibibazo biri muri Vaticano.

Bivugwa ko yabwiye abari bamugendeye ko hari abantu bameze neza kandi beranda mu bakora Vaticano. Ariko ko hari n'ukurya ibiturire.

Binavugwa ko yavuze kandi ko aho muri Vaticano nyene hari abashigikiye abahuza ibitsina babisangiye.

Mu kwezi kwa kabiri ibinyamakuru vyo mu Butaliano vyari vyanditse bivuga ko abihebeye imana bahuza ibitsina n'abo basangiye ibitsina bakorera hamwe kugirango inyungu zabo zironke ikibanza mu ntwaro ya Vaticano kandi ko bamwe bagira ibibazo vy'ababatyoza.

Ico gihe Vaticano yari yahakanye ivyo yivuye inyuma.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.