Uganda: General Sejusa yasuye BBC

General David Sejusa

Umu General wo mu gisirikare ca Uganda yatumye ibintu bicika igihe ivyari mw'ikete yanditse vyashizwe ahabona n'ibimenyeshamakuru, yavuganye na BBC ku nshuro ya mbere.

Mw'iryo kete, General David Sejusa, yasavye ko haba itohoza ku makuru y'uko hoba hari umugambi wo kwigizayo abakuru mu gisirikare no muri leta, ngo badashaka umugambi bivugwa ko ari uw'umukuru w'igihugu Museveni, wo gutegura umuhungi wiwe ngo azomusubirire ku butegetsi.

Ibinyamakuru bibiri hamwe n'amaradiyo vyarahagaritswe hafi iminsi cumi, abajejwe umutekano bagerageza gutora iryo kete.

Kuva iryo kete rigiye ahabona, aho General Sejusa yari ari ntihari hazwi.

Uno munsi yagendeye studio za BBC i Londres.