Urubanza rwa Uhuru Kenyatta rwigijwe inyuma

Image caption Umukuru wa Kenya Uhuru Kenyatta yagirizwa gukokeza ubwicanyi bwo mu 2007

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI(ICC) yigije inyuma urubanza rw'umukuru w'igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta irushira kw'itariki 12 ukwezi kwa 11.

Sentare yavuze ko iyo ngingo yafshwe kugira ihe ababuranira Kenyatta umwanya ukwiye wo kwitegura.

Kenyatta yagirizwa kuba yarakokeje intureka n'ubwicanyi vyakurikiye amatora yo 2007, ibirego ahakana.

Ishirahamwe rya Africa ryasavye ko urwo rubanza rwohagarara rivuga ko iyo sentare ''ihiga abanya Africa''.

Ariko sentare yaranse guheba urubanza ivuga ko ikurikiza ubutungane ata na hamwe ihengamiye.

Urwo rubanza rwavanywe kw'itariki 9 z'ukwezi kwa 7 rushirwa 12 ukwa 11 nyuma y'aho abacamanza bafatiye ingingo y'uko abamuburaniura bohwabwa umwanya ukwiye wo gutegura urubanza bitumwe n'uko umushikirizamanza yatevye kubashikiriza ivyemezo, nk'uko biri mw'itangazo ryasohowe n'iyo sentare.

Kenyatta yagirizwa ivyaha bikorewe zina kiremwa muntu harimwo kugandagura no gusambanya ku nguvu.

Uhuru Kenyatta yatowe kuba umukuru w'igihugu mu nkwezi kwa gatatu atsinze uwari ministre wa mbere Raila Odinga ku majwi 50.07% kuri 43.28%.

Yarakoresheje ivyaha yagirizwa n'iyo sentare mpuzamakungu mu kurondera amajwi yagiriza iyo sentare kwisuka mu biraba Kenya.

Icegera ca Uhuru, William Ruto we urubanza rwiwe rutegekanijwe mu kwezi kw'icenda ku vyaha nk'ivyo vyagirizwa Uhuru.

Ku wa kabiri iyo sentare yaremeye ko Ruto asabwa kuba ari muri sentare ku bihe bikomeye gusa vy'urwo rubanza.

Yari yasavye ko yoburana atiriwe araja muri sentare abicishije ku buryo bwa video.

Ruto na Uhuru ntibari basanwe bavuga rumwe muri politike mu 2007 ariko bagiye hamwe mu matora y'uno mwaka.