Burundi: Abarimu bahagaritse imyigaragambyo

Imyigaragambyo

Mu Burundi, abigisha bo mu mashure y'intango kuva kuri uyu wa kabiri basubiye ku mirimo inyuma y'indwi irenga bahagaritse akazi bakaba basaba leta gushira mu ngiro politique yo kuringaniza imishahara hagati y'abakozi ba leta.

Abo bigisha bavugako naho leta yica amatwi ku kibazo cabo, bo bahisemwo gushira imbere ineza y'abanyeshuri mu gufata iyo ngigo yo gusubira ku kivi.

Kuri rimwe mu mashure y'intango ya leta hagati mu mu gisagara ca bujumbura aho abanyeshure bari bamaze indwi irenga batahahonyora kubera abigisha babo bari barahagaritse akazi. abigisha bariko barakora ukuri kwamye .

Eka no kuyandi mashuri yo ngaha mu gisagara aho twaciye vyari nkuko.

Eulalie nibizi arongoye syndicat STEB , imwe mu ma syndicat yari yahagaritse akazi , ihurikiyemwo abigisha benshi bo mu ashuri y'intango avuga ko bashatse kwereka leta y’uko badashaka kudadaza ahubwo bose hamwe bashire imbere ineza y’abibondo aribo uburundi bw’ejo.

Hano mu Burundi si ubwa mbere abigisha bahagarika akazi bagasubira ku mirimo bataronse ivyo basaba , bigatuma mbere basubira guhagarika akazi atakiringo kihaciye. Eulalie nibizi avuga ko leta ibifisemwo uruhara runini

Naho abo bigisha bo mu mashuri y'intango basubiriye ku mirimo uno munsi, bagenzi babo bo mu mashure yisumbuye gushika ubu barabandanya yegereyegere yabo basaba ko leta gushira mu ngiro iringanisha ry'imishahara hagati y'abakozi bose .