Mandela baramusabira ''imperuka y'amahoro''

Image caption Abifuriza Mandela gukira bashize amashurwe n'ivyapa imbere y'ibitaro arwariyemwo

Umumenyeshamana akomeye muri Africa y'Epfo yasabiye uwahoze ari umukuru w'igihugu Nelson Mandela ''imperuka y'amahoro'' mu gihe aremvye cane aho ari mu bitaro.

Musenyeri Mukuru Thabo Makgoba yagiye mu bitaro gusuhuza Mandela w'imyaka 94 yifatanya n'umugore wiwe Graca Machel mu gusenga.

Abakurambere bo mu muryango w'aba Tembu wo kwa Mendela bitezwe kumugendera kuri uyu wa gatatu nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vy'aho muri Africa y'Epfo.

Amagara ya Mandela yunyutse ku wa mungu inyuma yo kwinjira ibitaro ku wa 8 ukwezi uku kwezi kwa gatandatu kubetra indwara y'amahaha yasubiye kumufata.

imbere y'ibitaro aho arwariye, abamwifuriza gukira bahasharije n'amashurwe n'ubutumwe wo kumushigikira, haratekenye uretse abamenyehamakuru bahari barindiriye.

N'ubwa gatatu Mandela aja mu bitaro uyu mwaka kubera iyo ndwara y'amahaha.