Burundi: Abigisha b'amashure yisumbuye basubiye ku kazi

Abanyeshure bo mu Burundi
Image caption Abanyeshure bo mu Burundi

Mu Burundi abigisha bo mu mashure yisumbuye ya leta bari bameze iminsi bari muri yegereyegere bafashe ingingo yo kuyihagarika kuva uno munsi.

Abo bigisha bahurikiye muri syndicat CONAPES bavuga ko iyo ngingo bayifashe inyuma yaho umugwi w'igihugu wigenga uraba agateka ka zina muntu, CNIDH, wemereye ko ugiye kubahuza na leta.

Conapes yaraye iteye akamo abigisha bayihurikiyemwo ko gusubira ku kazi kuva kuri uno munsi, kakaba kitabwe muri rusangi.

Uno munsi ariko nta bikorwa vyinshi vyakozwe, abigisha bamwe bariko baratora ibibazo abandi batondeka intonde z'ibibazo z'iki gice ca nyuma c'umwaka.

Umukuru w'iyo syndicat, Emmanuel Mashandari, avuga ko umugwi w'igihu wigenga w'agateka ka zina muntu, wabahaye impanuro nyinshi kandi bakizera yuko bizogira ico bimaze.

Imigenderanire mibi

Muri zo ndwi zibiri abo bigisha bari bamaze barahagaritse akazi, icuka nticari ciza hagati yabo na leta.

Umushikiranganji w'indero eka n'umuvugizi wa leta, bagumye bagabisha ko iryo hagarika ry'akazi ritisunze amategeko mbere ko bagiye gufata ingingo zishoboka, kugira umwaka w'ishuri ntube impfagusa.

Naho amashuri yisumbuye yatanguye gukora uno munsi, hari abanyeshuri batari bake hirya no hino mu gihugu biga mu mashuri afise uburaro bari bamaze kurungikwa iwabo.

Ubu bategerezwa kugaruka ku mashuri yabo kugira bahamvye abandi mu gutangura ibibazo.

Abo bigisha bo mumashuru yisumbuye basubiye ku kazi inyuma y'iminsi ibiri gusa bagenzi babo bo mu mashuri y'intango nabo nyene bari bamaze indwi bahagaritse akazi, basubiye ku mirimo.

Abo bose basaba leta gushira mu ngiro politique y'iringanisha ry'imishahara hagati y'abakozi bayo.