EU: Ngo amerika yarabanetse

Amerika ngo yanetse EU

Leta z'Ubufaransa n'Ubudage zasabye Amerika gusobanura ukuntu inzego z'iperereza zayo zanetse ibiro by'umuryango w'ubumwe bw'uburayi.

Umushikiranganji w'imibano n'amahanga w'Ubufaransa Laurent Fabius yavuze ko ibiro by'iperereza ry'Amerika byumvirije amanama n'amaemails y'umuryango w'ubumwe bw'uburayi, ibyo ngo ntibishobora kwemerwa.

Umuryango w'uburayi kandi uravuga ko ibyo birego bishobora kwonona amasezerano y'ubuhahirana yabaye hagati y'uburayi n'Amerika.