Misiri: Prezida Morsi ntiyorohewe

Mohammed Morsi
Image caption Mohammed Morsi

Umukuru w'igihugu wa Misiri, Mohammed Morsi, ntiyorohewe mu gihe abagize leta yiwe babandanije gutanga imihoho, abantu nabo buzuye amabarabara.

Abavugizi biwe babiri batanze imihoho, biyongera ku bashikiranganji batanu basezeye kuwa Mungu igihe haba imyiyerekano ikomeye.

Kare urwandiko rwavuye mu biro vy'umukuru w'igihugu rwiyamirije ivyashikirijwe n'igisirikare ejo, vy'uko abanye politike bahawe gushika ejo kuwa Gatatu ngo babe batoye umuti w'ikibazo.

Umukuru w'igihugu we nyene yahuye n'umukuru w'igisirikare ku nshuro igira kabiri mu minsi ibiri nyene.

Umugambwe Muslim Brotherhood, bwana Mosri asanzwe arimwo, wahimirijwe abanywanyi bawo kuja mu mabarabara nabo bagahangana n'abiyamiriza umukuru w'igihugu.

Umwe mu migwi ikomeye itavuga rumwe na leta, National Salvation Front, uvuga ko wizeye ibivugwa n'igisirikare, ngo ariko ntushigikiye ko gitembagaza ubutegetsi.