Obama ari muri Tanzania

Obama muri Tanzania
Image caption Obama muri Tanzania

Umukuru w'igihugu wa leta zunze ubumwe za Amerika yashitse muri Tanzania mu muce wanyuma w'urugendo arimwo muri Afrika.

Bwana Obama aherekejwe n'amajana y'abagwizatunga, kandi urudandazwa nico kintu citezwe kwiharira ibiganiro vya we n'umukuru wa Tanzania, Jakaya Kikwete.

Obama agomba kandi kugendera urugomero rw'umuyagankuba, nyuma yo kumenyesha ko Amerika izotanga imfashanyo y'ama miriyoni menshi y'ama dollar yo gufasha mu kugwiza umuyagankuba muri Afrika yo munsi y'ubugaragwa bwa Sahara.

Amabarabara yugawe, umutekano urakomezwa ku murwa mukuru Dar es Salaam.

Ikibazo ca Kongo

Umukuru w'igihugu Obama yakeje Tanzania hamwe n'ibindi bihugu vyaterereye abasirikare mu mugwi wa ONU udasanzwe uzohangana n'imigwi yitwaje ibirwanisho iri mu buseruko bwa Kongo.

Yavuze ko ibihugu bibanye na Kongo, bikwiye guhagarika gufasha iyo migwi, nk'uko vyavyemeye mu nama ya Addis Abeba.

Umukuru w'igihugu wa Tanzania, Jakaya Kikwete, yavuze ko ata mukuru nka Obama yari bwagendere igihugu ca Tanzania.

Bwana Obama azobonanira ejo i Dar es Salaam n'uwo yasubiriye, George W Bush, bashire urugori rw'amashurwe mu kibanza c'icibutso c'abanye Amerika basize ubuzima mu gitero c'abiyahuzi haciye imyaka cumi n'intanu.