Amatora muri Mali azoba mu mpera z'ukwezi

Abasirikare ba ONU ejo muri Mali
Image caption Abasirikare ba ONU ejo muri Mali

Leta ya Mali ivuga ko amatora y'umukuru w'igihugu azoba mu mpera za kuno kwezi nk'uko vyari bitegekanijwe.

Ayo matora ngo azoba ku tariki miringo ibiri n'umunani z'ukwezi kw'indwi.

Ibi bimenyeshejwe haciye umunsi umwe umuryango mpuzamakungu utanguje igikorwa gikomeye co guhagararira amahoro muri Mali.

Ico gihugu cari kimaze igihe mu ntambara zikomeye kuva aho abarwanyi b'aba Tuareg hamwe n'aba ki Islam bafatiye uburaruko bwa Mali, ubu haciye umwaka urenga.

Ariko abanyamakuru bavuga ko hari amakenga ku kuntu Mali yoshobora gutunganya amatora yoba ku mugaragaro mu gihugu cose, mu ndwi zine.