Snowden: Bolivia irakajwe n'ibihugu vya Bulaya

Image caption Umukuru wa Bolivia Evo Morales

Igihugu ca Bolivia cagirije ibihugu cya Bulaya ''igikorwa c'agasomborotso'' mu kwankira indege y'umukuru w'igihugu caco guca mu kirere cavyo mu gihe vyikekwa ko Edward Sonwden yoba yari muri yo.

Bolivia yavuze ko ubufaransa, Portuagal, Espagne n'Ubutaliano vyabujije iyo ndege guca mu kirere cavyo.

Prezida Evo Morales yari asubiye mu gihugu iwe ava Moscou igihe iyo ndege yiwe yaca iteshwa inzira ikajanwa i Vienne.

Iyo ndege ngo yasatswe ironderwamwo Snowden aronderwa ku mabanga y'abanyamerika yashize ahabona.

Ariko ngo ntiyari muri iyo ndege bikaba vyibazwa ko akiri ku kibuga c'indege ca Sheremetyevo i Moscou aho ariko arasaba ubuhungiro muri Bolivia no mu bindi bihugu vyinshi.

Intumwa ya Bolivia muri ONU Sacha Llorenti yabwiye abanyamakuru i Geneve ko bazokwitwara muri ONU kuri ico gikorwa c'ibihugu vya Bulaya. Yavuze ati : ''Ingingo y'ivyo bihugu yarenze ku mategeko mpuzamakungu, tukaba turiko turategura kwitwara ku munyamabanga mukuru wa ONU''

Ariko Ubufaransa bwahakanye kuba bwankiye iyo ndege kurengana mu nyuma Espagne ikaba yaciye ivuga ko ikirere cayo curuguruye kuri iyo ndege.

Snowden aronderwa na Leta Zunze Ubimwe za Amerika ku vyaha vyo gushira ahabona amabanga yabomye igihe yakorera urwego rw'igendereza rw'ico gihugu.

Ivyo yashize habona vyatumye hamenyekana ko Amerika yahora yegeranya ibintu vyinshi bica ku matelkephone =no kuri internet.

Ubushinwa, Uburusiya n'ibihugu vyinshi vya Bulaya bikaba vyarashavujwe cane n'iyo ngendo ya Amerika.