Umwuzukuru wa Mandela yatsinzwe urubanza rw'aho guhamba sekuru

Image caption Umwuzukuru wa Mandela, Mandla Mandela

Umwuzukuru wa Mandela yatsinzwe urubanza yaburana n'abandi bo mu muryango w'uwo yahoze atwara igihugu ca Africa y'Epfo ku kibanza co gushinguramwo abo mu muryango bitavye imana.

Aho harimwo ibisigarira y'abahungu ba Mandela batatu vyimuwe bikurwa mw'itongo ry'umuryango haraheze imyaka ibiri na Mandla Mandela akabijana hafi y'aho aba.

Sentare nkuru yategetse ko ivyo bisgarira vyogarukanwa aho vyahora bitarenze uyu wa gatatu. Ariko abashingwamanza ba Mandla bunguruje nkuri niyo ngingo ya sentare ta Mthatha.

Nelson Mandela akiri mu bitaro aho aremvye cane, kubera indwara y'amahaha yatanze icofuzo ko amaze gupfa yohambwa mw'itongo ry'umurysngo mu kigwati ca Qunu aho yakuriye kandi yabaye cane amaze gukukuruka.

Bivugwa ko imigambi ya Mandla Mandela yo kwubaka urwibutso rukomeye rugenewe sekuru mu kigwati ca Mvezo aho izo mva ziri ubu yababaje abatri bake mu muryango.

Hari mbere n'abamaze kwitwara muri sentare bamwagiriza icaha co kudasonera ahashinguwe abantu.