Amahanga aritwararitse indyane za Misiri

Image caption Umudugararo urakomeje mu Misiri

Ubutegetsi bwa leta Zunze Ubumwe za Amerika busaba abategetsi ba Misiri guhagarika indyane zihari.

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon yasavye ko abari mu myiyerekano bokingirwa.

Igisirikare cakuye Morsi ku butegetsi ku munsi wa agatatu kubera miliyoni z'abantu bariko baramwiyamiriza.

Uyu munsi abashigikiye Morsi bari bahuriye mu gace ka Nasr City muri Cairo.

Abarwanya Morsi bahamagaje imyiyerekano yo kwiyamiriza umugambwe wiwe Muslim Brotherhood ejo ku munsi w'Imana.

Ubu arapfunzwe co kimwe n'abandi bategetsibakuru bo muri Muslim Brotherhood.

Mugatondo k'uno munsi, ibinyamakuru vya leta vyatangaje ko icegera c'umukuru wa Muslim Brotherhood yafashwe yagirizwa gukokeza indyane.

Hagat'aho igisirikare catanze itangaazo ku rubuga rwaco rwa facebook gihakana ko bamwe mu ntwazangabo boba bariko bashira igitugu ku mugaba mukuru ngo asubize ubutegetsi perezida Morsi.