Abu Qatada yajanywe muri Jordania

Image caption Abu Qatada

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza David Cameron yavuze ko anezerejwe no kubona Abu Qatada yashoboye kuvanwa mu Bwongereza,

Abu Qatada yari yafashwe yagirizwa gufatanya icaha c'iterabwoba mu 2001, Ubwongereza bukaba bwamaze imyaka 8 buhangana nawe mu rubanza ku kibazo co kumutanga.

Itangwa ry'uyu mwigisha w'idini afise amamuko ya Palestina na Jordania, ryashobotse inyuma y'aho Jordania n'Ubwongereza bigiraniye amasezerano yo kwemeza ko ata yicarubozo rizokoreshwa mu kumusambisha.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati Theresa May yavuze ko anezerejwe no kubona ishaka Ubwongereza bwashizemwo mu kurondera kumurungika rigira ico rishitseko.

Yavuze kandi nawe ko yababajwe co kimwe n'abandi banyagihugu, no kubona urubanza rwa Abu qatada rwatwaye Ubwongereza igihe kirekire, n'akayabu ka miliyoni 1,7 y'amafranga y'Ubwongereza.

Avuga ko yifuza ko amategeko yohindurwa kugira ibibazo nk'ibi ntivyongere gushikira igihugu.