Misiri: Abantu 50 baguye mu myiyerekano.

Image caption 42 baguye mu myiyerekano iCairo

Mu kiganiro umugambwe Muslim Brotherhood watanze, wagirije igisirikare ubwicanyi bw'ikivunga, uhamagarira abanyagihgu kwiyamiriza igisirikare.

Mu kiganiro cahaye abanyamakuru, igisirikare cahakanye ivyo kirerwa, aho casobanuye ko cariko kirivuna.

Igisirikare cemeza ko abitwaje ibirwanisho baje bashaka kwinjira ku nguvu mw'ikambi y'abasirikare bajejwe gucungera ubuzima bw'umukuru w'igihugu, batera amabuye n'ibindi biturika.

Umuvugizi wa gisirikare yemeza ko haciye haba kurasana aho abapolisi babiri n' umusirikare bahasize uibuzima.

Umukuru w'igihugu w'infatakibanza Adly Mansour yasubiriye bwana Morsi, yamenyesheje ko ababajwe n'ubwo bwicanyi ahamagarira impande zompi kwifata.