Papa yavugiye impunzi agendeye Lampedusa.

Image caption Papa ari Lampedusa

Igihe yagendera izinga rya Lampedusa mu Butaliyano, Papa yaneguye ico yise inyifato yakwiye isi yose yo kwigira sindabibazwa.

Yiyamirije abashaka gutungira mu gutwara amato arimwo ibitigiri birenze vy'impunzi zishaka gukora uko zishoboye ngo zishike mu Butaliyano.

Yavuze ko ata n'umwe yemera uruhara mu rupfu rw'ibihumbi vy'abantu batari bafise ivya ngombwa bibaranga.

Lampedusa, izinga ryegereye cane uburaruko bwa Afrika, niryo rembo ry'impunzi nyinshi zituruka muri Afrika zinjira ku mugabane wa Bulaya.

Uru rugendo rubaye urwa mbere Papa Francis agize urugendo hanze ya Roma kuva abaye umwungere wa Ekleziya Katolika.