Papa yakajije amategeko ahana abahohotera abana

Papa Francis
Image caption Papa Francis

Umwungere wa ekleziya Gatolika, Papa Fancis, yakajije amategeko ya Vatikano ahana abahohotera abana mu kubasambanya.

Iryo tegeko rya Papa, ririmwo ivyo Vatikano yise gusigura ku buryo bwaguye ivyaha bikorerwa abana.

Ivyo vyaha birimwo gusambana n'abana canke ama film yerekana imibonano mpuzagitsina arimwo abana.

Ukwo guhindura amategeko biraba abihebeye Imana barenga ibihumbi bitanu bakorera i Vatikano, naho icaha coba cakorewe hanze y'uwo muji.

Itegeko rya Papa kandi ryongereza ugukorana kwa Vatikano n'amakungu ku bijanye no kurwanya iyinjizwa ry'amahera avuye mu busuma n'ayandi mabi, canke kuronsa uburyo abakora iterabwoba.