HCR: Abanye Kongo ibihumbi 30 bahungiye muri Uganda

Impunzi z'abanye Kongo
Image caption Impunzi z'abanye Kongo

Ishami ry'umuryango mpuzamakungu rijewe impunzi, HCR, rivuga ko abantu barenga ibihumbi 30 bamaze guhungira muri Uganda bahunga imirwano muri Kongo.

Imirwano yadutse mu karere ka Kamango kari ku rubibe hagati ya Uganda na Kongo, hagati y'abasirikare ba leta ya Kongo n'abarwanyi b'umuhari ADL Nalu urwanya leta ya Uganda, ufise icicaro mu buseruko bwa Kongo.

Umunyamakuru wa BBC ari ku rubibe avuga ko impunzi nyinshi ata vyo kurya zifise canke aho kuryama, kandi amashirahamwe y'abagiraneza ntaratangura gutanga imfashanyo.

Arika gushika ubu, abasirikare ba leta ya Kongo baramaze gusubirana Kamango.