Imirwano yadutse hagati ya M23 na FARDC

Umusirikare wa M23
Image caption Umusirikare wa M23

Imirwano yadutse hagati y'abasirikare ba leta ya Kongo, FARDC, n'abarwanyi ba M23 barwanya leta.

Umunyamakuru wa BBC ari mu karere avuga ko imirwano yatanguriye mu kigwati ca Mutaho, ku birometero nka cumi uvuye mu muji wa Goma.

Uwo muji warigaruriwe na M23 ikiringo gitoyi mu mwaka uheze.

Umugwi w'abasirikare ibihumbi bitatu ba ONU barungitswe mu buseruko bwa Kongo, bakaba bafise inshingano zo guhangana n'imigwi yitwaje ibirwanisho nka M23.