Perezida Bashir yavuye yihuta muri Nigeria

Image caption Sudan-NIgeria-Bashir 16/07/13

Umukozi wo ku biro bihagarariye Sudani muri Nigeria yavuze ko perezida Bashir yaraye asubiye mu gihugu iwe ejo ku muhingamo.

Perezida Bashir yatashe inama yahuje abakuru b'ibihugu vya Afrika ku bijanye n'amagara y'abantu yarimwo itararangira.

Uwo mukozi wa ambasade yahakanye ariko ko impamvu zatumye perezida Bashir ataha gihutihuti zoba zifitanye isano n'akamo katewe ko kumufata.

Yavuze ahubwo ko Omar al-Bashir yar'afise ayandi mabanga yihuta yamuhamagaye.

Sentare mpuzamakungu mpanvyaha yagiriza perezida Bashir ivyaha vy'ihonyabwoko mu karere ka Darfur.

Iyo sentare yasohoye itangazo yagiriza igihugu ca Nigeria kurenga ku mutahe iyo sentare yatanze mu kwemerera Bashir kuja mur'ico gihugu.