Leta y'infatakibanza ya Misiri yarahiye

  • 16 Ukw’indwi 2013
Image caption President Adly Mansour na Abdul Fatah al Sisi

Mu barahiye imbere y'umukuru w'igihugu nfatakibanza Adly Mansour harimwo uwari umukuru w'ingabo.

Abdul Fatah al Sisi, yarahiye nk'icegera c'umushikiranganji wa mbere n'umushikiranganji wo kwivun'abansi,

Abantu 400 nibo bamaze gutabwa muri yompi, mu bari mu myiyerekano yo gushigikira Mohammed Morsi yakuwe ku butegetsi.

Bwana Morsi yakuwe ku butegetsi n'igisirikare kw'italiki zitatu z'ukwezi kw'indwi, gishigikiwe n'isinzi ry'abanyagihugu

Umugambwe Muslim Brotherhood wongeye kumenyesha ko utazoja muri leta nshasha, kugeza igisirikare cisubiyeko ku gikorwa cakoze wita gutembagaza ubutegetsi, kikagarukana ku butegetsi perezida Morsi.