Italie: Calderoli ngo ntazotanga imihoho

Image caption Umushikiranganji Cecile Kyenge

Roberto Calderoli, icegera c'umukuru w'inama nkenguzamateka aremera ko ivyo yavuze bitari bikwiye, kandi ari bibi.

Ariko aremeza ko imigambwe myinshi iri mu nama nshingamteka itigeze imusaba gutanga imihoho.

Umushikiranganji Cecile Kyenge yabwiye BBC ko ataco avuga ku vyerekeye niba bwana Carderoli yotanga imihoho canke yoguma mu mabanga yiwe.

Ariko umupfasoni Kyenge avuga ko umugambwe wa bwana Calderoli, the Northen League, ukwiye kwihweza ico kibazo.

Abegereye umushikiranganji wa mbere Enrico Letta baravuga ko adafata iki kibazo nk'icarangiye.