Ikibazo c'impunzi muri Australia

Image caption Umushikiranganji wa mbere wa Austraklia Kevin Rudd 16/07/2013

Ingingo yo kwanka impunzi zinjira muri Australia, iri mu zafashwe ku kibazo co kugabanya abimukira binjira mu gihugu, zatangajwe mu gihe himirije amatora ya bose.

Bwana Rudd avuga ko Australia yagiranye amasezerano y'umwaka umwe na Papouasie Nouvelle Guinee, azokwisungwa ku barondera ubuhungiro.

Abaje n'ubwato muri Australia ngo ntibazokwakirwa, ahubwo ngo bazobanza kurungikwa kugira ivyabo vyihwezwe.

Avuga ko abo bazosanga koko bakwiye kuba impunzi bazoca baguma aho muri Papouasie Nouvelle Guinee, nayo abadahawe ubuhungiro barungikwe iwabo canke mu kindi gihugu.

Bwana Rudd avuga ko ategerezwa kuraba neza niba Austarlia ifise uburyo bukwiye bwo gucungera imbibe, ariko kandi ngo akuzuza inshingano ziwe zo kubahiriza amategeko ajanye n'impunzi.