Mu Misiri basubiye kwihereza amabarabara

  • 19 Ukw’indwi 2013
Imyiyerekano mu Misiri

Uno munsi ugize uwa gatanu ugira kabiri, bamwe mu banya Misiri baja mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikurwa ku butegetsi rya Mohammed Morsi, wo mu mugambwe Muslim Brotherhood.

Abenshi mu bitabiriye iyo myiyerekano bongeye guhurira ku musitgiti wa Raba al Adawiya mu muji wa Cairo.

Ariko hari n'iyindi mirwi iri mu myiyerekano hirya no hino muri Cairo no mu bindi bisagara.

Icivugo ca Muslim Brotherhood mur'iyi myiyerekano ni "ugusambura itembagazwa ry'ubutegetsi".

Mw'ijoro ryakeye, umukuru w'igihugu w'infatakibanza Adly Mansour yashikirije ijambo ubwa mbere kuva atanguye amabanga yiwe.

Yiyemeje kugarura umutekano no kuwutsimbataza, (mu maso y'abo avuga ko bashaka kuzana akajagari mu Misiri)