Imirwano irakomeza muri Kongo

  • 22 Ukw’indwi 2013
Abasirikare ba Kongo ku rugamba mu ndwi iheze
Image caption Abasirikare ba Kongo ku rugamba mu ndwi iheze

Imirwano yabandanije hafi y'umuji wa Goma mu buseruko bwa Kongo hagati y'abasirikare ba leta n'ab'umugwi M23 urwanya leta ya Kongo.

Itana mu mitwe ryabereye i Kanyanja, ku birometero cumi na bine mu buraruko bw'umuji wa Goma.

Impande zombi ziragirizanya kuba zatewe, nyuma y'iminsi ine barwana mu ndwi iheze.

M23 yarigaruriye umwanya mutoyi umuji wa Goma mu kwezi kw'Incenda mu mwaka uheze.