Hezbollah ku rutonde rw'abakora iterabwoba

Izi ngabo za Hezbollah zigiye gufatwa nk'inkozi z'iterabwoba
Image caption Izi ngabo za Hezbollah zigiye gufatwa nk'inkozi z'iterabwoba

Umuryango wa Buraya washize ishami rya gisirikare rya Hezbollah yo muri Libani, ku rutonde rw'imigwi y'iterabwoba.

Bisigura ko ubu Hezbollah itemerewe gutoza intererano mu bihugu vy'i Buraya.

Abaserukiye ibihugu bavuga ko iyo ngingo yumvikanyweko na bose, yashitsweko mu nama y'ibihugu 28 bigize uwo muryango, yabera i Bruxelle.

Aho yafata ijambo muri iyo nama, umushikiranganji w'Ubudage ajejwe imigenderanire, Guido Westerwelle, yavuze ko u Buraya budashobora kurenza uruho rw'amazi kw'iterabwoba.

Impamvu zibiri inyuma

Igitero c'igisasu ku bakerarugendo b'abanye Israel muri Bulgaria mu mwaka uheze, cegetswe kuri Hezbollah, cavuzwe nk'impamvu yatumye iyo ngingo ifatwa.

Abanyamakuru bavuga yuko kuja kwa Hezbollah mu ntambara yo muri Syria, navyo vyaterereye muri iyo ngingo.

Umuryango wa Buraya wamye wanka icifuzo ca Amerika co gushira Hezbollah ku rutonde rw'imigwi ibujijwe, mu gihe vyibazwa ko vyari gutuma Libani ihungabana kuko Hezbolla iri mu runani rutwara igihugu.