Misiri: Catherine Ashton yaganiriye na Morsi

Image caption Catherine Ashton mu Misiri kuwa 29/07/2013

Uwujejwe imigenderanire mw'ishirahamwe rya Bulaya Catherine Ashaton, yabonanye na Mohammed Morsi aheruka gukurwa ku butegetsi mu Misiri.

Catherine Ashaton yatangaje ko yabonanye na Mohammed Morsi aho ari mu kibanza kitigeze kimenyeshwa, kandi ko ameze neza.

Yavuze ko Mohammed Morsi afise uburenganzira bwo kuraba Television no gusoma ibinyamakuru.

Catherine Ashton yavuze kandi ko baganiriye na bwana Morsi igihe gihagije, aho bahurije ku kubona ko ari nkenerwa ko Misiri ikomeza guter'intambwe ija mbere.

Catherine Ashton yahamagariye abanya Misirii kumvikana ku kibazo barimwo, aho yavuze ko kugitorera umuti bitegerezwa kubamwo uruhara rwa bose atawukumiriwe.

Hagat'aho umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubufaransa Laurent Fabius yahamagariye abategetsi ba Misiri kurekura bwana Morsi.