Israel mu biganiro n'abanya Palestina

Image caption Ibubanfu, John Kerry, akurikirwa na Tzipi Livni, umushikiranganji wa Israel w'ubutungane, nayo iburyo habanza Saeb Erekat, ayoboye intuma za Palestina

Umushikiranganji John Kerry yavuze ko ari igihe kidasanzwe, igihe yasangira infunguro yo mu gitondo ca kare n'intumwa zo mu busasirazuba bwo hagati ziri mu mapfungo ya Ramadan.

Imbere y'aho perezida Barack Obama yashimye itangurwa ry'ico gikorwa c'ibiganiro hagati ya Israel n'abanya Palestina, ariko agabisha ko imbere hari guhitamwo kutoroshe.

Ivyo biganiro bitanguye inyuma y'imyaka itatu, Israel imaze kwemera kurekura ambohe z'abanya Palestina zigera kw'ijana.

Iyo ngingo yo kurekura abanyororo yaciyemwo ibice abagize leta ya israel, izoshirwa mu ngiro mu biringo bitandukanye, bizomara amezi.

Mu mezi atanu aheze, bwana Kerry yagize ingendo zitandatu mu karere k'uburasirazuba bwo hagati mu nzira yo kurondera kuvyura ivyo biganiro.