Perezida Mugabe ngo niyatsindwa azoheba

Image caption Mugabe na Tsvangirai

Bwana Robert Mugabe yabaye ku butegetsi kuva mu 1980, yiteze gutsinda uwurusha abandi amahirwe mu bo bahiganwa, Morgan Tsvangirai, aserukira umugambwe MDC.

Umugambwe ZANU-PF wa Robert Mugabe, wagirizwa umugambi wo kunyuruza amajwi mur'ayo matora.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko intonde z'abiyandikisherije kuja mu matora, zasohotse zimaze indwi zitari nke zicerewe, zigaragarako amazina y'abantu bapfuye kera.

ZANU PF irahakana ubwo busuma yagirizwa.