Snowden yavuye mu kibuga c'indege ca Moscow

  • 1 Ukw’umunani 2013
Image caption Edward Snowden

Umunyamakuru wa BBC avuga ko bwana Edward Snowden yacishijwe mu rwinjiriro rwo ku ruhande, mu kumuhungisha abanyamakuru.

Umushingwamanza wiwe yavuze ko yakuwe ngaho akajanwa mu kibanza akingiwemwo umutekano.

Edward Snowden yari amaze ukwezi n'igice mu kibuga c'indege ca Moscow, kuva inyuma y'aho ubutegetsi bwa Amerika bufutiye impapurio z'inzira ziwe.

Leta ya Washington ishaka ko agarurwa mu gihugu akaburanishwa ku bijanye n'amakuru yo mw'ibanga yatanze, yerekeye igendereza rya Amerika