Imyuzuri muri Pakistan na Afghanistan.

Image caption Imyuzuri muri Pakistan

Abategetsi bamenyesha ko abantu 34 bapfuye mu karere ka Sarobi honyene, ku birometero 65 uva mu murwa mukuru wa Afhganistan Kabul.

Umuji mukuru wa Pakistan, Karashi, nawo nyene wamerewe nabi, aho abantu 16 bahasize ubuzima kuber'imyuzuri ihamaze iminsi.

Mur'iyi myaka itatu iheze ako karere kakunze kwizizirwa n'imyuzuri mu gihe c'imiyaga izanana n'urushana.

Abategetsi ba Afghanistan bavuga ko imirwi yo gutabara imaze kurungikwa mu turere twabayemwo iyo myuzuri.

Abantu baharurwa mu majana bataye ingo zabo, ibintu bitari bike birahononekarira.