Perezida Rouhani asabira Iran gukurwako ibihano

  • 4 Ukw’umunani 2013
Image caption Hassan Rouhani arahira

Hassan Rouhani, igihe yarahira imbere y'abashingamateka, yasavye ibihugu vya Bulaya gukura ibihano kuri Iran, no gusonera leta ya Tehran.

Abashingamateka bamukomeye amashi igihe yavuga ko: "Uwukeneye inyishu irama, adakoresha imvugo y'ibihano, akwiye gukoresha imvugo yo kubaha"

Bwana Rouhani, akwije imyaka 69, yagenye abagize leta yiwe barimwo umushikiranganji w'imigenderanire Mohammed Javad Zarif.

Mohammed Javad Zarif yigeze kuba intumwa y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, afatwa nk'umuntu ategera abo badahuje ivyiyumviro, atari intagondwa.

Leta zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko ziteguye kumvikana na Iran niba ibishizemwo ubushake.

Ibiro vya perezida Obama bimenyesha ko Iran itegerezwa gukwirikiza amategeko mpuzamakungu ikanatorera umuti ingorane zo hagati mu gihugu.

Bwana Rouhani, yari intumwa mu biganiro ku kibazo c'inguvu za nuclair, yamaze imyaka irenga 30 akora mu bijanye n'imigenderanire n'ibindi bihugu.

Yatsinze amatora mu buryo butari bwitezwe mu kwezi kwa gatandatu.