Kenya: Amwe mu masezerano y'ubutare yahagaritswe

Image caption Abariko bacukura ubutare

Umushikiranganji ajejwe ubutare Nijab Balala, avuga ko leta iheruka yagiranye amasezerano n'abacukura ubutare mu buryo bwa gihutihuti, kandi budaciye ku mugaragaro.

Yahagaritse kandi komiseri ajejwe ivy'ubutare Moses Masibo.

Mu ndwi iheze ikigega mpuzamakungu FMI cari cagaragaje umwitarariko kur'ayo masezerano yo gucukura ubutare muri Kenya, bavuga ko yumvikanyweko mw'ibanga.

Kenya yaheruka gutora ibibanza birimwo ubutunzi butari buzwi nka titanium, copper na niobium bikekwa ko biciye miliyaridi z'ama dollars.