Nigeria: 35 baguye mu ntambara na Boko Haram

Image caption Boko haram

Igisiirkare ca Nigeria kimenyesha ko gutana mu mitwe kwabereye ubwa mbere ku kigo c'igipolisi ca Bama, hafi y'urubibe n'igihugu ca Cameroun.

Ubwa kabiri abasirikare barwaniye na Boko Haram mu muji wa Malam Fatori uri muri leta ya Borno.

Boko Haram ishaka gutsimbataza amatwara ashingiye ku mategeko ya Islam, sharia, mu buraruko bwa Nigeria.

Mu kwezi kwa gatanu, perezida Goodluck Jonathan yashizeho amategeko y'umukwabu mu ma leta atatu yo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria.

Haciye hatangura ibikorwa vya gisirikare vyo guhiga abarwanyi ba Boko Haram.